Uko wahagera

Abimukira 3000 Baramaze Gupfa Uyu Mwaka


Abimukira bagera ku bihumbi bitatu barapfuye bariko bagerageza kujabuka ibahari Mediterane, kuva mu ntango z’umwaka w’i 2016. Ivyo vyatangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abimukira, uno musi ku wa gatanu.

Gushika muri iki gihe, muri uyu mwaka, abimukira ibihumbi bibiri n’amajana icenda na mirongo irindwi n’indwi baramaze gupfa. Abo bantu bapfuye mu gihe bagerageza gushikira akarere k’Ubulayi ziciye mw’ibahari. Ivyo vyaratangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abimukira.

Iryo shirahamwe ryatangaje kandi kw’ivyo bitigiri bidashiramwo ibiziga vy’abantu batari bake vyitezwe gutorwa mu misi iri imbere.

Abimukira barenga amajana umunani bashitse, ejo ku musi wa kane. Ivyo vyatumye igitigiri c’abimukira n’impunzi bamaze gushika, mu karere k’Ubulayi mu mwaka w’i 2016, bashika ku bihumbi amajana abiri na mirongo ine ba bibiri. Ivyo biharuro vyariyongeye bikomeye muri uyu mwaka.

Kw’italiki 22 z’ukwezi kw’indwi, mu mwaka w’i 2015, abimukura igihumbi n’amajana icenda na batandatu nibo batangajwe ku bapfuye.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abimukira riguma ryerekana ko co kibazo ari ikibazo cotegerezwa kwuhutirwa gutorerwa inyishu.

XS
SM
MD
LG