Uko wahagera

Ihindagurika ry'Ibihe n'Ikibazo Gikomeye nk'Iterabwoba


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, yatangaje kw’ihindagurika ry’ibihe ari ikibazo gikomeye, nk’urugamba ry’ukurwanya Reta ya Kiyislamu n’iyindi mirwi y’iterabwoba.

Muvyo yatangaje, uno musi ku wa gatanu, mw’ikoraniro mpuzamakungu ku murwa mukuru w’igihugu ca Autriche, Vienne, ishimikiye ku kugabanya imyuka igeramira ibidukikije irungikwa mu kirere, John Kerry, yatangeje kw’ihindagurika ry’ibihe ari ikibazo giteye amakenga bikomeye cane, ku buryo gishobora kuba kinateye impungenge cane kurusha impungenge ziterwa n’ivyiyumviro vy’intagondwa bikokeza ubwicanyi.

Utwigoro tw’ukugabanya imyuka igeramira ibidukikije, Kerry, yatangaje ko ivyo bishobora kugarukira ubuzima bw’abantu kw’isi.

Abashikiranganji bajejwe ukwivuna abansi, n’abashikiranganji bajejwe imigenderanire, bava mu bihugu birenga mirongo ine vyo kw’isi, bakoraniye i Washington DC, muri iyi ndwi, kugira bihweze kandi bumvikane ku ntambwe zikwirikira zigenewe kurwanya Reya ya Kiyislamu, mu bice vya nyuma uwo murwi uciziziye.

XS
SM
MD
LG