Uko wahagera

USA: Donald Trump Afite Ikibazo co Kunga Umugambwe


Ijambo amacakubiri mu kibanza c’ubumwe, niryo ryagiye rirumvikana cane ku munsi wa nyuma w’inama nkuru y’Abarepublikani, yar’imaze iminsi ine mu gisagara ca Cleveland, muri Reta ya Ohio.

Ukwo kutumvikana vyatanguye ku munsi wa gatatu, aho umurepublikani Ted Cruz, yari mu bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’Igihugu mu barepublikani mu ntango, avugiye ko atazoshigikira umupfasoni Hillary Clinton, ariko kandi ko atazoshigikira na Donald Trump, basangiye umugambwe.
Ted Cruz akaba yavuze ko adashobora gushigikira abantu batyoza umutambukanyi wiwe, hamwe na se wiwe.

Imbere yo gufata ijambo, ku munsi wa nyuma w’Inama nkuru y’Abarepublikani. Donald Trump yatanze ikiganiro mu kinyamakuru New York Times, aho yavuze ko azoshir’imbere ivyo Amerika ikeneye, imbere yo kwiyumvira abasigaye bose.
Kubijanye n’ukugomba guhirika ubutegetsi muri Turukiya, umukandida Trump yavuze ko ashigikiye cane Perezida Erdogan, kuko ariwe ashoboye guhindura ibintu mur’ico gihugu.

XS
SM
MD
LG