Uko wahagera

Burundi: Abavunjayi Bashobora Guhomvya Reta


Umukuru w’ibanki nkuru ya Republika Jean Ciza yibukije abavunja amafaranga ko urudandazwa bakora rudasanzwe. Yababwiye ko barukoze nabi ifaranga ry’Uburundi ritakaza agaciro bigatuma ubutunzi bw’igihugu butosekara. Yabibukije bimwe muvyo biyemeje bategerezwa kubahiriza.

Abafise amazu yo kuvunja amafaranga bemeza ko itituka ry’amafaranga y’agaciro ata ruhara barifisemwo. Bamenyesha ko ingorane zorondererwa ku bantu bavunja amahera batabifitiye ububasha. Uyu mutama amaze imyaka 30 avunja.

Igipolisi cemeza ko kigiye guhagurukira abavunjira amahera mu rufuri nk’uko catujije abadandariza mu ma barabara. Godefroid Bizimana, icegera c’umuyobozi mukuru w’igipolisi.

Abacuruza amafaranga bagiriza ibanki nkuru y’igihugu ko yabatse uburenganzira bwo kugura amafaranga y’agaciro mu ma banki y’ubudandaji ikaba arimwe mu mpamvu zituma akena.

Ikindi bagiriza iyo banki n’uko itanga ayo mahera ku bantu ku giti cabo ku kimenyane.

Iyo banki nayo ibagiriza gushaka kunguka umurengera. Umuyobozi wayo aratanga akarorero.

Ibivugwa n’umuyobozi wa BRB ntibinyura bacuruza amafaranga. Uwu mukenyezi avuga ko kuva ku musi wa mbere ata na rimwe aragura ama dolari 20 ku musi.

Ubukene bw’amafaranga y’agaciro bubandanya kwibonekeza mu gihe hari abantu bayakenera mu bintu bitandukanye. Umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu yemeza ko mu misi iza abantu baje kwivuza hanze y’igihugu canke abafise abana barihira hanze bazohabwa amafaranga y’agaciro bakeneye.

Ariko uwuzoyaronka azogirwako amatohoza kugira ntabeshe ngo agaruke kuyagurisha nk’uko hari abasanzwe babikora.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza ni we wakurikiranye iyi nkuru

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:14 0:00

XS
SM
MD
LG