Uko wahagera

USA: Michael Pence Yatatse Trump


Umugambwe w’Abepublikani wagenye kumugaragaro umukandida Donald Trump, ngw’aze awuserukire mw’ihiganwa ry’umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Kur’uyu wa kabiri, mu gisagara ca Cleveland, muri Reta ya Ohio, ahariko habera inama nkuru y’abanywanyi b’abarepublikani, niho habereye amatora yabaserukira abandi mur’uyo mugambwe, ku gwego gw’ama Reta. Donald Trump yaronse amajwi 1237, amuha uburenganzira bwo guserukira aba Republikani mw’ihiganwa ry’Umukuru w’Igihugu.

Mw’ijambo yaciye ashikiriza, inyuma y’ayo matora, Donald Trump yavuze ko azokora yivuye inyuma, kandi ko atazobatetereza. Gouverneur Michael Pence, asanzwe atwara Reta ya Indiana akaba ariwe yagenywe kuzoba icegera ca Donald Trump.

Donald Trump akazohiganirwa ikibanza c’umukuru w’Igihugu n’umupfasoni Hillary Clinton, w’Abademokrate, itariki umunani z’ukwezi kwa cumi na rimwe, uyu mwaka w’2016

XS
SM
MD
LG