Uko wahagera

Abayislamu mw'Ikoraniro Kaminuza y'Abarepublika


Sajid Tarar, yashinze akongera akaba ayoboye umurwi w’Abayislamu ushigikiye Donald Trump wiyita, “Muslim for Trump”
Sajid Tarar, yashinze akongera akaba ayoboye umurwi w’Abayislamu ushigikiye Donald Trump wiyita, “Muslim for Trump”

Mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri, Sajid Tarar, yashinze akongera akaba ayoboye umurwi w’Abayislamu ushigikiye Donald Trump wiyita, “Muslim for Trump”, yarayoboye igisabisho c’uguhezagira ikoraniro kaminuza ry’umugambwe w’Abarepublika.

Tarar, yabwiye abaserukiye abandi muri iryo koraniro ko ariko abasabira gusubira ku gihugu cabo. Ivyo vyabaye amasaha makeyi inyuma yuko, Trump, agenywe ku mugaragaro guserukira umugambwe wiwe, mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kw’icumi na rimwe, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Tarar yambaje intumwa, Muhammad, gusaba Imana guhezagira, Donald Trump, n’uguha Amerika umuboyozi akomeye. Umurwi wa Tarar, “Muslims for Trump” umenyesha ko, Donald Trump, abwiza Abayislamu ukuri ku kibazo c’abimukira n’iterabwoba, mu buryo ata wundi numwe ashobora kubigenza.

Ivyo n’ibintu bidasanzwe umuntu aravye igikowa c’ukwiyamamaza ca, Donald Trump, caranzwe n’amajambo adahuriweko na bose, ku bijanye n’iterabwoba n’abimukira b’Abayislamu.

XS
SM
MD
LG