Uko wahagera

Igipolisi Cugaye Ikibanza I Buruseli


Ububiligi buri magabo kuva habaye ibitero bbiiri vy’abiyahuzi ku murwa mukuru kw’italiki 22 z’ukwezi kwa gatatu

Ububiligi buri magabo kuva habaye ibitero bbiiri vy’abiyahuzi ku murwa mukuru kw’italiki 22 z’ukwezi kwa gatatu

Igipolisi ku murwa mukuru w’Ububiligi, Buruseli, cazibiye ikibanza kiri hagati mu gisagara aho cakikuje umuntu yari yambaye ikoti iremeye yarimwo intsinga zisohoka ziboneka hanze. Yamara mu nyuma yaho igipolisi cavuze ko casanze uwo muntu ata kibazo ateye.

Igipolisi cugaye akarere kari hafi y’ikibanza ca, Place de la Monnaie, basaba abantu kuva mu nyubakwa ziri mu micungararo yaco uno musi ku wa gatatu, mu gihe abahinga mu vyerekeye amabombe bariko batohoza bombe bibaza ko uwo muntu yari afise.

Ububiligi buri magabo kuva habaye ibitero bbiiri vy’abiyahuzi ku murwa mukuru kw’italiki 22 z’ukwezi kwa gatatu, vyahitanye abantu mirongo itatu na babiri, abandi batari bake barakomereka.

Reta ya Kiyislamu yariyitiriye ivyo bitero.

XS
SM
MD
LG