Uko wahagera

Ubwongereza: Theresa May Arabonana na Angela Merkel


Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, na Chenceliere w’Ubudagi, Angela Merkel
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, na Chenceliere w’Ubudagi, Angela Merkel

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, araza kubonana na Chenceliere w’Ubudagi, Angela Merkel, mu biganiro ku ngingo y’Ubwongereza y’ukuva mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi, hamwe n’ibindi bibazo biraje ishinga amakungu.

May atangaza kandi ko afise imigambi y’ukubonana na perezida w’Ubufaransa, Francois Hollande, i Paris, ku musi wa kane, kugira bihwezereze hamwe uburyo ibiganiro vyerekeye ukuva mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi kw’Ubwongereza, bizogenda.

Theresa May, avuga ko ashaka kurungikira ubutumwa ibihugu vy’i Bulaya bicuditse n’Ubwongereza, kw’imigenderanire hagati y’Ubwongereza n’ivyo bihugu, yari ikomeye cane muri kahise, izobandanya gukomera muri kazoza.

Atangaza kw’ivyavuye muri referandumu y’Ubwongereza y’ukuva mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi, vyerekanye kw’abantu bashaka kw’ikibazo cerekeye abimukira gifatirwa ingingo, mu karere k’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi. Amenyesha ko bikenewe kw’igitigiri c’abimukira baza i Bulaya kigabanywa ku rugero rugereranye.

XS
SM
MD
LG