Uko wahagera

Libiya: Abasirikare Batatu b'Ubufaransa Bishwe


Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w'Ubufransa, Jean-Yves Le Drian

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w'Ubufransa, Jean-Yves Le Drian

Abasirikare b’Abafransa batatu bishwe mu gihugu ca Libya. Ivyo bitangazwa n’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Jean-Yves Le Drian, arababajwe n’abo basirikare batatu bishwe bari mu mabanga bari bashinzwe, mu gihugu ca Libiya.

Yahayagije ubutwari n’ukwitanga kw’abasirikare b’Ubufransa. Avuga ko imisi yose bakora akazi katoroshe na gato k’ukurwanya abagira iterabwoba.

Nta birenga aho ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwatangaje, ku gitigiri c’ukuri c’abasirikare bishwe.

Yamara nibo basirikare ba mbere bava mu bihugu vyo mu burengero bw’isi bishwe kuva bimenyekanye, mu ntango z’uyu mwaka, kw’inteko zidasanzwe ziriko zikorera ku butaka mu gihugu ca Libiya.

Indege zijejwe iperereza z’igihugu c’Ubufransa zimaze igihe zikorera mu kirere hejuru ya Libiya.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Jean-Yves Le Drian, yabwiye inama nshingamateka, mu kwezi guheze, kw’Ubufransa bumaze igihe bugira ibikorwa vya gisirikare muri Libiya.

XS
SM
MD
LG