Uko wahagera

Turikiya: Inama Yihutirwa y'Umutekano


Umusirikare wa Turikiya

Umusirikare wa Turikiya

Perezida w’igihugu ca Turikiya, Recep Tayyip Erdogan, yabonanye n’abagize inama y’igihugu ijejwe umutekano, mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu.

Ivyo inyuma y’igeragezwa rya coup d’etat mu ndwi iheze.

Bitegekanijwe ko abonana n’abagize Reta yiwe, inyuma y’iyo nama yerekeye umutekano. Mu nyuma yaho vyitezwe ko hasohorwa itangazo rikomeye.

Mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu, urwego rw’igihugu rujejwe amashule kaminuza rwatangaje kw’abigisha baziririjwe kuja mu mahanga.

Urwo rwego rusaba abari hanze bose gutahuka badatevye.

Itangazamakuru muri Turikiya, rivuga ko ubushikiranganji bujejwe indero bwirukanye abarimu ibihumbi cumi na bitanu n’amajana abiri mu gihugu.

Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati muri ico gihe nabwo bwirukanye abakozi bagera ku bihumbi icenda. Abandi bakozi igihumbi n’amajana atanau birukanywe mu bushikiranganji bujejwe ikigega.

Urwego rw’igihugu rujejwe amashule yisumbuye rusaba kw’abayobozi kaminuza igihumbi n’amajana atanu na mirongo irindwi n’indwi batanga imihoho.

Iyirukanywa ry’abo bantu ryiyongeye ku bantu bagera ku bihumbi icenda bapfunzwe, bagirizwa ko bagize uruhara mw’igeragezwa rya coup d’etat y’ugutembagaza Reta ya perezida Erdogan.

XS
SM
MD
LG