Uko wahagera

Kerry Yabonanye na Mugenzi we w'Ubwongereza


Umushikiranganji John Kerry, ari kumwe na mugenzi we w'Ubwongereza Boris Johnson
Umushikiranganji John Kerry, ari kumwe na mugenzi we w'Ubwongereza Boris Johnson

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry yatangaje ko Amerika izofasha mu gutunganya imigenderanire hagati ya Amerika, Ubwongereza hamwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya, inyuma yaho Ubwongereza bufatiye ingingo yo kuva mur’iryo shirahamwe.

Kerry, aho yari mu nama, I London, mu Bwongereza, na mugenzi we ajejwe imigenderanire mur’ico gihugu, Boris Johnson, yavuze ko Amerika isanzwe ikukira Igihugu c’Ubwongereza.

Yavuze kandi ko Amerika izokora ibishoboka vyose kugira itere intege, yongere ifashe mu gikorwa co gutunganya isohoka ry’Ubwongereza mw’ishirahamwe rya Buraya, mu gukomeze imigenderanire y’Ubwongereza n’iryo shirahamwe.

Mur’ugwo rugendo, Umushikiranganji John Kerry, ari kumwe na mugenzi we Johnson, bazobonana kandi n’abaserukira ibihugu vya Buraya kugira baganire ku kibazo ca Siriya kimaze imyaka itanu.

Abo bategetsi bazobonana kandi na bagenzi babo ba Arabie Saoudite hamwe n’Igihugu c’Abarabu bunze Ubumwe (Emirats Arabes Unis) kugira baganire ku matati ari muri Yemen.

Johnson, umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu mu Bwongereza, yagenywe mu ndwi iheze n’umushikiranganji wa mbere, Umupfasoni Theresa May. Johnson akaba ariwe yarongoye igikorwa co gusohoka kw’Ubwongereza mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.

XS
SM
MD
LG