Uko wahagera

Vatikano Isaba Amahoro muri Sudani yo mu Bumanuko


Kardinali Peter Kodwo Appiah Turkson

Kardinali Peter Kodwo Appiah Turkson

Intumwa ikomeye ya Vatikano, Kardinali, Peter Kodwo Turkson, isaba perezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, n’icegera ca perezida, Riek Machar, guhagarika, biciye mu mahoro, ubwicanyi n’uruhagarara, vyageramiye umurwa mukuru mu kiringo c’imisi ine mu ndwi iheze.

Kardinali, Peter Kodwo Turkson, yabonanye ku musi wa kabiri na perezida Kiir, amushikiriza ubutumwa bwa Papa Faransisiko.

Turkson ava mu gihugu Ghana, yatangaje ko yaganiye na perezida Kiir, ku gikorwa nkenerwa c’uguhagarika, biciye mu mahoro, intambara iherutse gusubira kwaduka muri Sudani yo mu bumanuko.

Amenyesha ko perezida Kiir, yamwemereye ko aciyemeje ku vyerekeye kugarukana amahoro mu gihugu.

Kardinali, Turkson, amenyesha ko yashatse kubonana na, Riek Machar, yamara ko yahunze umurwa mukuru, Juba, gatoyi inyuma yuko ugutana mu mitwe kwadutse.

Avurwa ko ari mu bibanza kitazwi mu gihugu.

Intumwa ikomeye ya Papa Faransisiko, Kardinali, Peter Kodwo Turkson, avuga ko perezida, Salva Kiir, yiteguriye gusubira kwakira, Riek Machar. Amenyesha kw’ikibanza ciwe ariko kikiri.

Kardinali, Turkson, yasavye perezida ,Kiir, gusangira ubutumwa buri mw’ikete rya Papa Faransisiko, n’abategetsi ba Reta mfatakibanza y’ubumwe.

XS
SM
MD
LG