Uko wahagera

CIO Yatabesheje Ingingo ku Burusiya


Abanonotsi b'Abarusiya bagirizwa gufata imiti yongereza inguvu

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe inkino za Olempike, mu mfunyapfunyo, CIO, ryigijeyo ingingo yerekeye nimba imirwi yose y’abanonotsi b’Abarusiya yoziririzwa guhiganwa mu nkino mpuzamakungu za Olempike, zo mu kwezi kuza mu gisagara ca Rio de Janeiro, mu gihugu ca Brezil.

Ivyo babihera ku vyagirizo vy’uko abo banonotsi bafashe imiti yongereza inguvu, babifashijwemwo n’abategetsi.

Umurwi nshingwabikorwa w’ishirahamwe CIO, wagirishije inama yihutirwa ku wa kabiri mu gihugu c’Ubuswise. Uwo murwi wafashe ingingo ko kw’ishirahamwe ritazofata buno nyene ingingo y’ukuziririza abanonotsi b’Abarusiya guhiganwa mu nkino mpuzamakungu za Olempike.

Ishirahamwe CIO, rimenyesha ko rizokwihweza uburyo bifatiye ku mategeko, ku vyerekeye kuziririza ikivunga abanonotsi bose b’Abarusiya, mu nkino mpuzamakungu zo muri uyu mwaka w’i 2016.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kurwanya ikoreshwa ry’imiti yongereza inguvu ku banonotsi, World Anti Doping Agency, ryasavye ishirahamwe CIO, kuziririza abanonotsi bose b’Abarusiya, n’abategetsi kuja mu nkino zo muri iki gihe c’isi, mu gisagara ca Rio de Janeiro.

.

XS
SM
MD
LG