Uko wahagera

Amerika: Amajambo ya Melania Trump Aribazwaho


Ikoraniro rikuru ry'umugambwe w'Abarepubulika riri ku musi waryo wa kabiri. Ku musi wa mbere, umupfasoni Melania Trump, yabwiye abarimwo kw’umugabo wiwe, Donald Trump, ari umuyobozi mwiza. Yasiguye kandi ariwe wenyene ashobora gutuma ibintu bihinduka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Melania Trump yakoresheje ijambo ryiwe ry’ejo ku wa mbere kugira yidondore.

Yamara ijambo ryiwe ryaravyuye ibibazo ku nkomoko yaryo. Ivyo inyuma yuko abamenyeshamakuru bavuze ko risa n’ijambo ryashikirijwe na, Michelle Obama, mw’ikoraniro rikuru ry’umugambwe w’Abademokarate mu mwaka w’i 2008. Melaniya Trump, yavukiye mu gihugu ca Sloveniya, ntiyabonetse cane mu gikorwa c’ukwiyamamnaza c’umugabo wiwe.

Abashikiriza amajambo, uno musi ku wa kabiri, mu gisagara ca Cleveland, muri reta ya Ohio, barimwo bamwe mu bategetsi bakomeye b’umugambwe w’Abarepublika, harimwo umukuru w’inama nshingamateka, Paul Ryan, n’abahoze ari abakandida, Chris Christie, na Ben Carson.

XS
SM
MD
LG