Uko wahagera

Amerika Irasaba Turukiya Kwirinda Imvugo Iturira


Reta Zunze Ubumwe za Amerika irasaba abategetsi ba Turukiya n’iyindi migwi itandukanye aho muri Turukiya guhagarika imvugo iturira. N’inyuma y’aho ubutegetsi buhagaritse abagomba guhirika Reta ya Turukiya.

Amerika ivuga ko yizeye ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri izobandanya nk’uko yahora.
Umuvugizi mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu wa Amerika, Mark Toner, yatangaje ko batarajwe ishinga n’imigenderanire isanzwe iri hagati y’abajejwe umutekano mur’ivyo bihugu bibiri.

Ahubwo ko imeganderanire itotosekara, biturutse ku mvugo y’abategetsi ba Turukiya, aho batunga urutoke Amerika mu gikorwa giherutse co gushaka gutembagaza ubutegesti aho muri Turukiya.


Igikorwa co gushaka guhirika ubutegetsi muri Turukiya catumye imigenderanire hagati ya Amerika na Turukiya itoroha. Aho ni mu gihe, abategetsi ba Turukiya bitezwe mu nama I Washington, muri Amerika, mu mpera z’iyi ndwi, inama izokwiga ku gikorwa Amerika iriko irakona na Turukiya, hamwe n’Ishirahamwe OTAN, mu kugwanya Reta ya kisilamu.

XS
SM
MD
LG