Uko wahagera

Iterabwoba mu Budagi


Igipolisi casohoye icegeranyo kivuga ko uyo musore yar’afise ishoka, hamwe n’imbugita
Igipolisi casohoye icegeranyo kivuga ko uyo musore yar’afise ishoka, hamwe n’imbugita

Ibinyamakuru vyo mu gihugu c’Ubudagi vyatangaje ko hari abantu batari bake bakomeretse muri gariyamoshi, bariko baragerageza guhunga umugabo yasokoroye ishoka.


Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati yavuze ko uyo musore w’imyaka cumi n’indwi, yaturuka mu gihugu ca Afuganistani, akaba yaba aho mu gihugu c’Ubudagi.


Igipolisi casohoye icegeranyo kivuga ko uyo musore yar’afise ishoka, hamwe n’imbugita. Akaba yarashwe ariko aragerageza guhunga.
Igipolisi kivuga ko abantu batatu bakomeretse cane. Ubutegetsi ntaho buravuga ko coba cari igitero. Inzira zicamwo amagariyamoshi mu bisagara vya Ochsenfurt na Wurzburg zaciye zugagwa.

XS
SM
MD
LG