Uko wahagera

Somaliya: Abantu 14 Barapfuye mu Migwano


Imigwano hagati y'igisirikare ca Etiyopiya, n’abagwanyi ba al-Shabab
Imigwano hagati y'igisirikare ca Etiyopiya, n’abagwanyi ba al-Shabab

Muri Somaliya abanyagihugu bashika kuri 14 nibo baguye mu mishamirano yabaye hagati y’igisirikare ca Etiyopiya, n’abagwanyi ba al-Shabab. Aho ni mubumanuko bushira uburengero.

Abategetsi bo murako karere batuma urutoke igisirikare ca Etiyopiya ko ar’ico cakoze ubwo bwicanyi, bwabereye mu gisagara ca Wardinle, ku birometero 30 uva mu gisagara ca Baidoa.

Ibrahim Isak Yarow, umushingamateka muri Somaliya, yavugiye kw’Ijwi rya Amerika ko yagendeye aho habereye ubwo bwicanyi, agasanga hapfuye abanyagihugu, bikekwe kuba ar’abagwanyi ba al-Shabab.

Abanyagihugu bakavuga ko igisirikare ca Etiyopiya cahaciye ku munsi w’Imana, kiriko gihuga abagwanyi ba al-Shabab. Gihingutse ngo niho cinjira mu mazu, gihitana abagabo 14, bari hagati y’imyaka mirongo iine, n’imyaka mirongo umuni.

Umushingamateka Isak Yarow, yavuze ko umwe mu bapfuye yitwa Aden Barire, yar’umutegetsi mur’ico gisagara, akaba yar’uwo mu muryango wiwe.

XS
SM
MD
LG