Uko wahagera

Sudani y'Epfo: IGAD Isaba Gucungera Umutekano


Umushikiranganji wa Reta ajejwe imigenderanire muri Uganda, Henry Okello Oryem, avuga kw’inama y’abategetsi b’ibihugu bigize ishirahamwe IGAD, ku ruhande rw’inama y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, I Kigali, mu Rwanda berekanye kandi ko bashigikiye ivyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon, bisaba kwongereza inguvu z’inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu, muri Sudani yo mu bumanuko.

Mw’itangazo mu mpera z’iyi ndwi turangije, Ban Ki-moon, yasavye urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi, gufatira rudatevye Sudani yo mu bumanuko ibihano mu vyerekeye ibirwanisho, gufata ibindi bihano ku bayobozi n’abategetsi b’igisirikare bariko bagira uruhara mu kugeramira umugambi w’amahoro, hamwe n’ugukomeza inguvu z’inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu muri Sudani yo mu bumanuko.

XS
SM
MD
LG