Uko wahagera

Amerika: Abapolisi 3 Barishwe Batezwe Umutego


Gavin Long, yahoze ar' umusirikare w’umuMarine, yamenyekanye kuba ariwe muntu yitwaje ibirwanisho yarashe abapolisi batatu. Yanakomerekeje abandi batatu, mu gitondo co ku musi w’Imana, mu gisagara ca Baton Rouge, muri Reta ya Louisiana.

Abategetsi b’igisirikare bavuga ko, Gavin Long, wo mu gisagara ca Kansas City muri Reta ya Missouri. Yahoze ar' umusirikare wo mu rwego rwa Marine, mu gisirikare ca Amerika kuva mu mwaka w’i 2005, gushika mu mwaka w’i 2010, aho yari afise ipete rya liyetena.

Umutegetsi mukuru w’igipolisi ca Reta ya Louisiana, Koloneli Mike Edmonson, yatangaje kw’igandagurwa ry’abo bapolisi car' igikorwa cari categuwe neza.

Bimwe muvyo, Gavin Long, yanditse ku butumwa bwa Twitter, kw’italiki 13 y’ukwezi kw’indwi, vyatangaza kw’ubwicanyi ariyo nyishu kw’ikandamizwa ry’abirabure muri Amerika. Gavin Long, na nyene yarishwe igihe yariko arasana n’igipolisi, inyuma y'aho yiciye abapolisi batatu mu gisagara ca Baton Rouge.

Perezida wa Amerika, Barack Obama, mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, yariyamirije iyicwa ry’abapolisi mu gisagara ca Baton Rouge. Yavuze kw’ibitero nk'ivyo biriko biba kenshi cane. Yasavye Abanyamerika kwirinda imvugo zibacanishamwo inyuma y’ubwicanyi buherutse kuba.

Mu ntango z’uku kwezi, umwirabure yararashwe n’igipolisi muri'ico gisagara.

XS
SM
MD
LG