Uko wahagera

Ubufaransa: Igihugu Kiragandarira Abapfuye


Ubufaransa kuwa gatandatu niho bwatangura imisi itatu yo kugandarira abahitanwe n’igitero cabaye kuwa kane mu gisagara ca Nice.

Hagat'aho, igipolisi c’Ubufaransa gitangaza ko cahagaritse abantu batatu bakekwa kugira uruhara mu gitero.

Gushik’ubu baciye bashika abantu batanu bahagaritswe bakekwa kugira uruhara mur’ico gitero cahitanye abantu 84.

Umuhari wa reta ya kiyisilamu waratangaje ko umudereva w’ikamyo yakoze ubwo bwicanyi ar’umusirikare wawo.

Ariko gushik’ubu amatohoza ntaragaragaza neza ko ivyo uwo muhari uvuga ar’ukuri.

XS
SM
MD
LG