Uko wahagera

Turkiya: Coup d'etat iriko Iraba


Turkiya kw'ikarata
Turkiya kw'ikarata

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turkiya, Binali Yildirim, amenyesha ko coup d’etat ishobora kuba iriko iraba ku murwa mukuru, Ankara.

Yildirim, avuga ko kuyita coup d’etat yoba ari amakosa, yamara ngo habaye igeragezwa riciye kubiri n’amategeko ry’ugufata ubutegetsi ryagizwe n’igisirikare.

Ivyo Yildirim, yabitangarije kuri televiziyo yigenga, NTV.

Amenyesha ko Reta yatowe n’abanyagihugu igifise ibintu mu minwe. Avugako iyo Reta izohava igihe abanyagihugu babishatse.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubugiriki, Binali Yildirim, avuga bko Turkiya itazokwigera irekurira igikorwa icarico cose gishobora guhungabanya demokarasi. Amenyesha kw’abagerageje coup d’eat bazoriha bikomeye.

Amakuru atangazwa avugako ibiraro bikomeye vyo mu gisagara ca Istambul vyugawe n’inteko zijejwe umutekano.

Hari amakuru avuga ko indege z’ingwano zagiriye hafi, hejuru y’umurwa mukuru, Ankara, mu gihe amasasi yumvikanye.

XS
SM
MD
LG