Uko wahagera

Agahengwe Muri Sudan y'Ubumanuko


Ishami ry’ishirahamwe, O-N-U, ritanga ibifungurwa, P-A-M, ryatangaje uno musi ku wa gatanu, kw’ibifungurwa mu bubiko biriko biragabanuka
Ishami ry’ishirahamwe, O-N-U, ritanga ibifungurwa, P-A-M, ryatangaje uno musi ku wa gatanu, kw’ibifungurwa mu bubiko biriko biragabanuka

Umurwa mukuru wa Sudani yo mu nbumanuko wari utekanye, uno musi ku wa gatanu. Ivyo mu gihe inteko za Reta n’inteko zirwanya ubutegetsi zisa n’iziriko zirubahiriza agahengwe katangajwe mu ntango z’iyi ndwi.

Yamara abantu babandanya kwibaza nimba amasezerano y’amahoro yateweko igikumu, mu mwaka uheze, agishobora gukora. Ayo masezerano yarageramiwe bikomeye n’ubwicanyi, ku murwa mukuru Juba, bwahitanye abantu amajana n’amajana, icegera ca perezida, Riek Machar, yinyegeza.

Irengero ryiwe ntirizwi muri iki gihe, naho abantu bibaza ko akiri mu gihugu, hanze y’umurwa mukuru Juba.

Ingwano yadutse hagati y’inteko za perezida Salva Kiir, n’inteko za Riek Machar, yahitanye abantu 270, abasivile bagera ku bihumbi mirongo itatu na bitandatu nabo barava mu zabo.

Ubwo bwicanyi bwageramiye bikomeye amasezerano y’amahoro, yateweko igikumu haraheze hafi umwaka, yari agenewe guhagarika ingwano imaze imyaka ibiri hagati y’inteko za Reta, n’inteko zirwanya ubutegetsi.

Agahengwe katangajwe, ku musi wa mbere, karatanze akoyoko ku murwa mukuru Juba, yamara abitegereza ibintu barafise amazinda ko kazobandanya kwubahiriza.

Muri ico gihe ububabare bw’abanyagihugu bubandanya kwiyongera.

Ishami ry’ishirahamwe, O-N-U, ritanga ibifungurwa, P-A-M, ryatangaje uno musi ku wa gatanu, kw’ibifungurwa mu bubiko biriko biragabanuka bikomeye, ivyo umusi umwe inyuma yuko iryo shirahamwe ritangaje kw’ububiko bukuru bwaryo, ku murwa mukuru, Juba, bwasahuwe.

XS
SM
MD
LG