Uko wahagera

Abantu 84 Bishwe mu Gitero i Nice


Perezida w’Ubufransa, Francois Hollande, yavuze kw’igitero co mu gisagara ca Nice cakozwe n’umuntu arangwa n’ububusha bukanije

Umudereva yari mw’ikamyo yishe abantu 84 abandi barenga amajana abiri barakomereka igihe yinjira mu bantu bari mu gisagara ca Nice, ku musi wa kane mw’ijoro, ku musi w’uguhimbaza ukwikukira kw’Ubufransa.

Abantu mirongo itanu na babiri bakomeretse bikomeye cane, benshi muribo abana.

Abanyamahanga batari bake n’abapolisi bavurwa ko nabo nyene bari mu bapfuye.

Uwagize ico gitero, yamenyekanye kw’izina rya, Mohamed Lahouaijej Bouhel, umufaransa afise amamuko muri Tuniziya, w’imyaka 31, aba mu gisagara ca Nice.

Amakuru atangazwa amenyesha kw’abajejwe umutekano ntibiketse ko afitaniye isano n’iterabwoba, canke imirwi y’intagondwa, naho yari azwi n’igipolisi ku vyaha bijanye n’ibiyayura umutwe n’ibindi vyaha.

Nta murwi wiyitiriye igitero co mu gisagara ca Nice, naho ico gitero cahayagijwe n’abashigikiye Reta ya Kiyislamu, ku mbuga ngurukanabumenyi.

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu, perezida w’Ubufransa, Francois Hollande, yavuze kw’igitero co mu gisagara ca Nice cakozwe n’umuntu arangwa n’ububusha bukanije. Yatangaje kw’Ubufransa buhanganye n’urugamba ruzofata igihe kirekire.

XS
SM
MD
LG