Uko wahagera

Ibihugu Byiyamirije Igitero Mu Bufransa


Iterabwoba mu Bufransa

Iterabwoba mu Bufransa

Abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi biyamirije igitero cagizwe mu gisagara ca Nice, ku musi w’uguhimbaza ukwikukira kw’Ubufransa, bita le Jour de la Prise de la Bastille.

Bifatanije mu mubabaro n’abasinzikajwe n’ico gitero.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon yiyamirije ico gitero. Yasavye amakungu kwongereza utwigoro twayo mu rugamba rw’ukurwanya iterabwoba n’ivyiyumviro vy’intagondwa.

Yifatanije mu mubabaro n’imiryango y’abahitanywe n’igitero co mu gisagara ca Nice. Yifurije abakomeretse batari bakegutora imitende nginga.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama yashize itangazo ku rubuga rwa Twitter, aho yifatanije n’imiryango y’abishwe muri ico gitero. Yatangaje kw’Ubufransa ari igihugu kimaze igihe kirekire cane gicuditse cane na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umuyobozi w’inama y’umuryango w’ubumwe bw’Ubuyali, Donald Tusk yasavye abantu bose kwifatanya n’Abafransa muri iki gihe babikeneye.

Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel yatangaje kw’Ubudagi bwifatanije n’Ubufransa mu rugamba rw’ukurwanya iterabwoba.

Umushikiranganji wa mbere mushasha w’Ubwongereaza, Theresa May yavuze kw’igitero co mu gisagara ca Nice giteye agahinda. Avuga kw’Ubwongereza buzokwifatanya n’Ubufransa muri iki gihe c’icunamo.

Papa Faransisiko yiyamirije igitero co mu gisagara ca Nice. Yatangaje ko biyamirije uburyo bwose bukoresha ubwicanyi, urwanko, iterabwoba, bugahungabanya amahoro.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Canada, Justin Trudeau, yararungikiye ubutumwa Abafransa bageramiwe n’igitero co mu gisagara ca Nice, ku rubuga rwa Twitter.

Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yarungikiye ubutumwa perezida w’Ubufransa, Francois Hollande bw’ukwifatanya nawe mu mubabaro.

Yatangaje kw’Uburusiya bwiteguriye gukorana n’Ubufransa n’ibindi bihugu mu rugamba rw’ukurwanya iterabwoba.

Umujshikiranganji wa mbere w’Ubushinwa, Li Keqiang yiyamirije yivuye inyuma iterabwoba mu buryo bwose ryobonekezamwo. Yifatanije n’Abafransa mu mubabaro wabo.

XS
SM
MD
LG