Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Perezida Salva Kiir Yipfuza Kuganira na Machar


Riek Machar ibubamfu, Perezida Salva Kiir mu buryo

Riek Machar ibubamfu, Perezida Salva Kiir mu buryo

Perezida wa Sudani yo mu bumanuko Salva Kiir yasavye icegera ciwe Riek Machar ko bohura bakaganira.

Ivyo biganiro bigamije kugerageza ko amasezerano y’amahoro bateyeko umukono atoburizwamwo n’ugutana mu mitwe kwari kumaze imisi k’umurwa mukuru Juba.

Abanyagihugu baba I Juba bamenyesheje k’umusi wa kane ko bari mu gahengwe, inyuma y’imisi itatu yar’irangiye abari bashamiranye bemeranije guhagarika gutana mu mitwe.

Ari ku kirimba ciwe, Perezida Kiir yabwiye abamenyeshamakuru ko atipfuza ko har’ayandi maraso yosubira guseseka mur’ico gihugu, kandi ko yonezerwa abonye Machar, icegera ciwe ca mbere agarutse bakicarana bakayaga.

Mwomenya ko Machar atarongera kuja ahabona kuva italiki umunani z’uku kwezi kwa ndwi n’ukuvuga k’umusi wa gatanu w’indwi irangiye.

XS
SM
MD
LG