Uko wahagera

Siriya: Perezida Assad Ntiyigeze Asabwa Kuva ku Butegetsi


Perezida wa Siriya,.Bashar al-Assad

Perezida wa Siriya,.Bashar al-Assad

Perezida w’igihugu ca Siriya, Bashar al-Assad, yatangaje kw’Uburusiya butigeze bumusaba gushikiriza ubutegetsi.

Ivyo yabitangaje, mu gihe umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, yafashe urugendo rumujana i Moscou, aho vyitezweko asaba ko hajaho amasezerano y’uguhagarika ingwano yasubiwemwo, hamwe n’inzira ishikana mu mahoro.

Mu kiganiro kuri televiziyo, NBC, Assad, yatangaje ko haba umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, canke perezida, Vladimir Putin, ata numwe muribo yamusavye guheba ubutegetsi, naho hari urukurukuru kw’imibonano mu mwiherero, hagati y’Uburusiya na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yoba isaba ko ava ku butegetsi.

Perezida Assad, avuga ko Uburusiya butigeze buvuga ijambo na rimwe, ku vyuko yova ku butegetsi.

Amenyesha kw’Abanyasiriya aribo bonyene bahitamwo uzozobayobora, igihe azoshika, n’igihe azova ku butegetsi.

Amakuru atangazwa, avuga ko umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, yitezwe i Moscou, uno musi ku wa kane, azoganira utwigoro tw’Uburusiya tw’ukugarukira amasezerano y’uguharika ingwano muri Siriya, hamwe n’amasezerano y’ugushobora kurwaniriza hamwe abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu, muri ico gihugu.

XS
SM
MD
LG