Uko wahagera

Kenya: Umwiyahuzi Yishe Abapolisi Bane


Mu gihugu ca Kenya, mu gisagaraga ca Kapenguria, uwikekwa kuba ar’umwiyahuzi w’umugwi al-Shabab, yishe abapolisi bane akoresheje inkoho yabo, yongera afata abandi imbohe.

Umukuru w’igipolisi muri Kenya, Joseph Boinnet, yavuze ko bakikuje inyubakwa iri murico gisagara, aho bariko baragerageza kubohoza abo bapolisi.

Al-Shabab ivugwa ko ariyo yagize ibitero aho muri Kenya mur’iyi myaka iheze, kubera abasirikare ba Kenya basanzwe bari muri Somaliya kugwanya imigwi y’iterabwoba.

Mu gitondo co kur’uyu wa kane, abagwanyi ba al-Shabab bagerageje gutera ikirindiro c’abapolisi ku mbibe za Kenya ariko birabananira.

Umukuru w’igipolisi, avuga ko abapolisi batanye mu mitwe n’abagwanyi ba al-Shabab, bicamwo abatari bake.

XS
SM
MD
LG