Uko wahagera

USA-Dallas: Abapolisi 3 Barahambanwe Iteka


Abapolisi bariko basezera bagenzi babo mu rusengero imbere yo kuja kubahamba
Abapolisi bariko basezera bagenzi babo mu rusengero imbere yo kuja kubahamba

Abapolisi batatu kuri batanu baheruka kwicwa n’umwirabure w’umunyamerika mu gisagara ca Dallas muri reta ya Texas bahambanwe iteka k’umusi wa gatatu igenekerezo rya 13 mukakaro 2016

Ayo maziko yitabwe n’abantu baharurwa mu majana barimwo abategetsi bo mu gisata c’ubutungane muri Amerika bari bagiye kubasezera ubwa nyuma nk’abakozi bahora begukiye urwo rwego.

Abo bapolisi batatu ni Brent Thompson, Lorne Ahrens na Michael Smith.

Kuwa gatatu kandi ku mugoroba Perezida Barack Obama yarabonanye mu biro vyiwe vya White House I Washington n’abategetsi bo mu gisata c’ubutungane, abarongoye amashirahamwe aharanira agateka k’imigwi itandukanye, hamwe n’abanyepolitike.

Bavuganye ukuntu bogarukana icizere hagati y’abapolisi n’abanyagihugu barahiye ko bazokingira igihe binjizwa mur’ayo mabanga.

XS
SM
MD
LG