Uko wahagera

USA: Obama Yakoranije Inama Ku Kibazo c'Ubwicanyi


Perezida Barack Obama w'Amerika yararongoye ibiganiro ku ngoro yiwe ya White House kuwa gatatu ku mugoroba, vyari bigamije guhanahana ivyiyumviro vy’ingene bokingira abanyagihugu, no kugarukana ukwizerana hagati y'abanyagihugu hamwe n’ubutungane kuri bose.

Iyo nama yari yitabwe n’umushikirizamanza kizigenza wa Amerika Loretta Lynch, Guverineri wa reta ya Louisiana John Bel Edwards, Umukuru w’igisagara ca Los Angeles, Eric Garcetti.

Yari yitabwe kandi n'abakuru barongoye ibipolisi mu bisagara bikomeye vy’Amerika, abaserukiye ishirahamwe ry’abirabure rya Black Lives hamwe n’abarongozi b’amashengero.

Intumbero ya Obama nkuko yabishikirije kwari ugukoranya abantu bafise ivyiyumviro binyuranye kugira bumvirizanye hagati yabo.

Obama yababwiye ko guhagarika ubwicanyi nk’ubwo bitazoba mw’ijoro rimwe kuko imizi yabwo imaze imyaka iharurwa mu majana itarandurwa.

K’urubuga rwiwe rwa facebook, Obama yasavye abanyamerika bose gushikiriza inyishu biyumvira ko yohagarika ubwicanyi bubera mu gihugu.

Tubibutse kw’iyo nama ikoranye inyuma y’aho hapfiriye abirabure babiri barashwe n’abapolisi, mu ma reta ya Louisiana na Minnesota hakurikira ubundi bwicanyi bwakorewe abapolisi batanu muri reta ya Texas.

XS
SM
MD
LG