Uko wahagera

Iraki: Abu Omar al-Shishani wa ISIS Yarishwe


Abu Omar al-Shishani wa ISIS
Abu Omar al-Shishani wa ISIS

Umusirikare akomeye mu muhari wa reta ya Kiyisilamu yar’azwi nk’umuhinga mu kurwana kandi yasimvye imitego itari mike kuwa gatatu yariciwe mu gisagara ca Mosul muri Iraki.

Itororokanirizo ry’amakuru ryitwa Aamaq, ryegamiye uwo muhari nyene ryatangaje kuwa gatatu ko Abu Omar al-Shishani, yiciwe mu gisagara ca Shirqat mugihe yariko ageregeza kubuza abasirikare ba Iraki kwinjira mu gisagara ca Mosul.

Leta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’urunani bari kumwe mu kurwanya uwo muhari bari baragerageje akatari gake kumwica ndetse no kw’italiki ya kane ukwezi kwa gatatu ibitero vy’indege vyaramuhakije igihe yari muri Siriya.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika Peter Cook aremeza ko ar’intambwe ikomeye kubona Shishani yarapfuye.

Ariko gushik’ubu umuhari wa reta ya Kiyisilamu wo ubandanya uhakana ko Shishani atapfuye.

Amerika yari yemeye gutanga imiliyoni zitanu z’amadolari kuwari kuzomufata canke akamwica.

XS
SM
MD
LG