Uko wahagera

HRW Irarega Oman Gufata Nabi Abakozi


Icegeranyo casohowe na Human Rights Watch, gitunga urutoke akazi bita Kafala, gahabwa abimukira muri Oman
Icegeranyo casohowe na Human Rights Watch, gitunga urutoke akazi bita Kafala, gahabwa abimukira muri Oman

Mu Gihugu ca Omani, ishirahamwe rijejwe agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, ryatangaje ko kubera itegeko rijanye n’akazi ko mu nzu, rituma abarangura ako kazi, na cane cane ab’igitsina gore, bitirirwa umuryango bakorera, abanyamahanga benshi bacurwa bufuni na buhoro n’abakoresha babo.

Icegeranyo casohowe na Human Rights Watch, gitunga urutoke akazi bita Kafala, gahabwa abimukira muri Oman. Ico cegeranyo kivuga ko abakoresha bagira uburenganzira bwose ku bakozi babo.

Rothna Begum, akorera Human Rights Watch, avuga ko abo bakora ako kazi bakora amasaha ashika kuri 20 ku munsi, ntibaronswe agahembo kabo, kandi ko badafungura. Ikindi ngo iyo bagerageje guhunga barahanwa, mu gihe abakoresha babo ata caha na kimwe kibagira.

Oman, n’igihugu gikoreramwo abimukira bashika ku bihumbi cumi na bitatu basanzwe bakora akazi ko munzu. Icegeranyo ca Human Rights Watch kivuga ko ibihugu bibanyi vyo mubigwa vy’abarabu arivyo bikoregwamwo urudandaza gw’abantu, bagaheza bakajanwa muri Oman bidaciye mu mategeko.

Human Rights Watch isaba Oman gusubiramwo amategeko ajanye n’akazi, mu gukingira abo bakozi bo mu mazu atagira ikibatabara na kimwe, no guhagarika ico bita Kafala, uburyo bwo kugaba abakozi mu mazu. Ico cegeranyo gihamagarira kandi igipolisi ca Omani gukingira abakozi, mukutabahana igihe bagerageje guhunga no mukutabasubiza ku bakoresha babo.

XS
SM
MD
LG