Uko wahagera

Cameron Yatanze Imihoho Ku Mugaragaro


David Cameron, yahora ari mushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza,
David Cameron, yahora ari mushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza,

David Cameron, aheruka gutanga imihoho ku gwego gw’Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, yatonze incuro ya nyuma mu nama nshingamateka aho yaherewe icubahiro, inyuma y’imyaka itandatu amaze arangura ayo mabanga.

Ibibazo yarasanzwe yobajijwe vyabaye nk’ukuganira, bamushimira kuvyo yaranguye nko kugabanya ubushomeri, kugwiza ikigega kijejwe gufasha amagara y’abantu, no gutez’imbeza indero. Mur’uwo mwanya, umutambukanyi n’abana biwe bari kumwe mur’iyo nyubakwa.

Umushingantahe Cameron yavuze ko abanyaburaya basanzwe baba mu gihugu c’Ubwongereza batazosunikwa kuva mur’ico gihugu igihe ugusohoka kw’Ubwongereza mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya kuzoba kumaze gushigwa mu ngiro. Yatangaje ko Reta ikora ibishoboka kugira yubahirize uburenganzira bw’abanyaburayi.

Uwahora ar’Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza yatanze imihoho inyuma yaho ico gihugu gitoreye kuva mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya.

Akaza gushikiriza icese ikete ryo gutanga imihoho, Umwamikazi Elisabeth uno munsi ku mugoroba. Inyuma yaho, Umupfasoni Elisabeth May, yagenywe ngo amusubirire, ace atangura icese ayo mabanga.

XS
SM
MD
LG