Uko wahagera

Theresa May Asabwa Kwihutisha Kuva Mu Muryango Wa Bulayi


Theresa May Umushikiranganji wa mbere mushasha w'Ubwongereza

Theresa May Umushikiranganji wa mbere mushasha w'Ubwongereza

Abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’Ubumwe bwa Bulayi basaba Theresa May agiye kuba umushikiranganji wa mbere mushasha w’Ubwongereza kwihutisha ivyo kuva mur’uyo muryango.

Umukuru w’inama nshingamateka y’umuryango, Martin Schulz asaba ko ibiganiro kur’ico kibazo vyotangura inyuma y’iri ci kandi bikaba ata n’umwe yidogera uwundi.

Nawe umushikiranganji w’Amerika ajejwe ikigega, Jack Lew asaba ko ivyo biganiro vyoba mu mwumvikano, yabivuze kur'uyu wa kabiri italiki 12 z'ukwezi kwa ndwi ahejeje kubona na mugenzi we w’Ubufaransa k’umurwa mukuru Paris.

Theresa May atangura ayo mabanga kur’uyu wa gatatu, akaba yavuze ko atazotanguza ivyo biganiro atari mu mpera z’uyu mwaka.

XS
SM
MD
LG