Uko wahagera

Nijeriya: Inzara Irabangamiye Abanyagihugu


Abanyagihugu bo muri Reta ya Borno muri Nijeriya

Abanyagihugu bo muri Reta ya Borno muri Nijeriya

Abakozi b’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe gutabara abari mu vyago OCHA bamenyesha ko amapfa no gufungura nabi bigeramiye abanyagihugu bo muri reta ya Borno muri Nijeriya.

Iyo reta yasinzikajwe n’intambara iterwa na Boko Haram, kandi abantu baharurwa ku bihumbi 275 baba mu makambi y’impunzi.

OCHA rimenyesha ko intambara zama ziba mur’ako karere zituma bigorana ko imfashanyo zishikira abazikeneye.

Reta ya Nijeriya yatangaje mu kwezi guheze ko reta ya Borno ikeneye imfashanyo zihuta zigizwe n’ibifungurwa.

Ugukena kw’imvura gufatanije n’intambara ziterwa na Boko Haram vyatumye ONU itangaza ko ibihugu vya Nijeriya, Kameruni, Chad na Nijeri bisanzwe biri mu karere k’ikiyaga Chad bikeneye imfashanyo yihutirwa y’ibifungurwa.

XS
SM
MD
LG