Uko wahagera

Amerika: Perezida Obama Yarateye Iteka Abapolisi Bishwe


Perezida Obama ariko ashikiriza ijambo mu birori vy'ukwibuka abapolisi batanu baherutse kwicwa mu gisagara ca Dallas muri Reta ya Texas, kw'italiki 12 z'ukwezi kw'indwi, umwaka w'i 2016
Perezida Obama ariko ashikiriza ijambo mu birori vy'ukwibuka abapolisi batanu baherutse kwicwa mu gisagara ca Dallas muri Reta ya Texas, kw'italiki 12 z'ukwezi kw'indwi, umwaka w'i 2016

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yarateye iteka abapolisi batanu baherutse kwicwa, mu birori vyabereye mu gisagara ca Dallas, muri Reta ya Texas.

Perezida Obama, yatangaje ko ubwicanyi bwabaye mu ndwi iheze bwerekanye ibibazo muri demokarasi y’igihugu. Yamara yatangaje ko Amerika itigabuyemwo ibice nkuko bamwe babivuga.

Perezida Obama, yasavye Abanyamerika kugerageza gutora aho bahuriye, mu gihe ariko agerageza gutuma Abanyamerika, batandukanijwe n’ikibazo gifatiye kw’ibara ry’urukoba, hagati y’abajejwe kwubahiriza amategeko n’imirwi y’abanyagihugu bari ku rushi, bakorera baja hamwe.

Igitero cagizwe n’umwirabure yahoze ari umusirikare, mu ndwi iheze, ku gipolisi mu gisagara ca Dallas, kubera yari ashavujwe n’ubwicanyi bwakozwe n’igipolisi ku birabure babiri, mu ma Reta ya Louisiana na Minnesota, vyatumye impari ku karenganyo gafatiye kw’ibara ry’urukoba k’abajejwe gushira mu ngiro amategeko, ziyongera.

Mw’ijambo yashikirije, Perezida Obama, yateye iteka abapolisi batanu bishwe.

Akaba yateye akamo Abanyemerika k’ukuguma bafatanye mu nda, n’ukugumana umwizero.

Yabasavye kuvuga bakoresheje ukuri kandi batarya umunwa, ku kugene ikibazo cerekeye imigenderanire hagati yabo ifatiye kw’ibara ry’urukoba, imeze mur'iki gihe.

XS
SM
MD
LG