Uko wahagera

Rwanda: Gusimbura Dlamini Zuma Bikwiye Guhiganirwa


Nkosazana Dlamini-Zuma, atwara iryo Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afurika
Nkosazana Dlamini-Zuma, atwara iryo Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afurika

Inama igira iya 27 y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afurika irabandanya I Kigali mu Rwanda. Bitegekanijwe ko abakuru b’Ibihugu n’ama Reta bazobonana ku matariki ya 17 na 18 z’uku kwezi kw’indwi.

Mur’iyo nama, bitegekanijwe kandi gutora uwusubirira Umupfasoni Nkosazana Dlamini-Zuma, yahora atwara iryo shirahamwe.Yamaze kuvuga ko atazobandanya ayo mabanga mu kiringo gikurikira. Ibihugu bimaze kugaragaza ko vyipfuza kwitoza mur’ico kibanza ni Botswana, Guinee Equatorial, na Uganda.

Umwanditsi akaba n’umurongozi wa programe y’abamenyeshamakuru mu kinyamakuru African Sun Times, Chika Onyeani, aturuka mu gihugu ca Nijeriya, avuga ko ibihugu bitarimwo demokarasi bidakwiye kwitoza gutwara iryo shirahamwe.

Kubwa Onyeani, Ibihugu vya Uganda na Guinee Equatorial ntivyari bikwiye kuja mur’iryo higanwa. Asigura ko abatwara ivyo bihugu batwaza igitugu, ntibemere guhiganwa n’abo batavuga rumwe.

Umwanditsi Onyeani avuga ko ari nkawe atora, yotora uwuserukira igihugu ca Bostwana. Avuga ko uwahora agitwara, Festus Mogae, ar’umwe mu bamaze gutsindira agashimwe k’umurongozi mwiza.

Uwo mwanditsi Onyeani avuga ko bitabay’uko, ihiganwa mu kibanza c’umurongozi mushasha w’Ishirahamwe rya Afurika ryategerezwa kuronka umwanya wo gutegugwa. Na cane cane rigatangazwa mu bimenyeshamakuru nk’uko vyagenze mu matora aheruka yari yatsinzwe na Dlamini-Zuma.

XS
SM
MD
LG