Uko wahagera

Amerika: Clinton na Sanders Barafashanya mu Kwiyamamaza


Senateri Berne Sanders hamwe na Hillary Clinton, azohignwa mu matora ya Perezida.

Senateri Berne Sanders hamwe na Hillary Clinton, azohignwa mu matora ya Perezida.

Hillary Clinton yitezwe kugenwa mu kibanza c’uwuzohiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu ku giti c’umugambwe w‘abademokrate azoba ari kumwe na mugenzi we bahiganiye ico kibanza, Senateri Bernie Sanders. Ni ku wa kabiri mu giteramo co kwiyamamaza mu gisagara ca Portsmouth, muri reta ya New Hampshire.

Abategetsi bajejwe ibikorwa vyo kwiyamamaza ku ruhande rwa Madame Clinton, bavuga kw’abo bategetsi ukw’ ari babiri bahava baganira ku vyerekeye imigambi biyemeje mu kwubaka no guteza imbere Amerika ikomeye.Ivyo harimo n’ukunagura ubutunzi bugirira akamaro abanyagihugu bose, aho guteza imbere abari basanzwe bari hejuru bonyene.

Hari amakuru ariko arashikirizwa avuga ko Sanders ashobora gutangaza icese kw’ashigikiye Clinton igihe c’ico giteramo. Sanders ntaratangaza kw’afise umugambi wo gushigikira Clinton, yamara yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa gatandatu kw’azobanona na mugenziwe bahiganywe, yongera ababwira ko bakwiye gukwirikiranira hafi ikiyago bazogira.

XS
SM
MD
LG