Uko wahagera

Somaliya: Al Shabab Yishe Abasirikare ba Reta Barenga 3.


Abarwanyi ba Al Shabab

Abarwanyi ba Al Shabab

Abategetsi ba Somaliya bamenyesha ko abarwanyi ba Al-Shabab bagavye igitero ku kambi y’abasirikare ba reta iri ahitwa Laanta Buur, ku bilometero 40 uva ku murwa mukuru Mogadishu.

Ico gitero cabaye mu masaha ya sa saba n’igice z’ijoro zo k'umusi wa mbere mu masaha yo muri Somaliya.

Abasirikare ba reta barahasize ubuzima, ibirwanisho birasahurwa harimwo n’imiduga ya gisirikare, nkuko bibandanya bishikirizwa n’abategetsi ba Somaliya.

Ico gitero catanguriwe n’ibombe yatezwe mu modoka yaturitse ikurikirwa n’amasasu menshi. Abasirikare bamwe barageregeje kwigwanira ariko bararengerwa.

Umwe mu bategetsi bajejwe umutekano avuga ko abasirikare bashika 3 bishwe ariko abandi bategetsi bamenyesha ko ico gitigiri coba kiruta ico.

Abarwanyi ba Al-Shabab bo bamenyesha ko bishe abasirikare ba reta 30 batwara n’ibiduga vya gisirikare 7.

Al-Shabab yarigeze kugaba igitero nk’ico kur’iyo kambi mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka barasahura imiduga ya gisirikare n’ibikoho bitera za gerenade.

XS
SM
MD
LG