Uko wahagera

ONU Iragabisha Abategetsi ba Sudani yo mu Bumanuko


Inama ya ONU ijejwe Umutekano kw'Isi iteranye

Inama ya ONU ijejwe Umutekano kw'Isi iteranye

Inama ya ONU ijejwe umutekano kw’isi isaba abategetsi bo muri Sudani yo mu bumanuko kugenzura abasirikare babo kandi ikagabisha ko ibitero ku basivile no ku bibanza birimwo abakozi ba ONU bishobora guhanwa nk’ivyaha vyo mu ntambara.

Ambasaderi w’Ubuyapani muri ONU, Koro Bessho ari nawe arongoye ako kanama kagizwe n’ibihugu 15 yamenyesheje kuwa mungu ko vyihutirwa ko ONU igira ico ikoze.

N’inyuma yaho umusirikare w’Ubushinwa wo mu nteko za ONU ahasigiye ubuzima, ndetse n’abandi bagenzi we batari bake bamuka mu Rwanda bakomeretse mu mirwano yadutse kuva kuwa kane.

Gushika ku mugoroba wo ku w’Imana nta biharuro ntabanduka vy’abasize ubuzima mur’ivyo bitero birashirwa ahabona, kandi ntibiratomoka nimba abasirikare bayoboka Perezida Salva Kiir hamwe n’abayoboka icegera ciwe Riek Machar bagiye gukurikiza ibisabwa na ONU.

Imwe mu maradiyo asamiranira k’umurwa mukuru Juba yatangaje kuwa mungu ko abashika 276 bahasize ubuzima, mugihe umuvugizi wa Riek Machar we yatangaje ko abantu 150 aribo bishwe mur’izo ntureka, abatari bake barakomereka.

Ambassaderi Bessho atera akamo Kiir na Machar kwubahiriza amasezerano bateyeko igikumu mu mwaka uheze w’2015, amasezerano yar’agamije guhagarika intambara yar’imaze imyaka ibiri mur’ico gihugu.

Abo bategetsi uko ari babiri k’umusi wa gatandatu barateye akamo abarwanyi babo gushira ibirwanisho hasi k’umurwa mukuru Juba, ariko ntaco vyahinduye.

XS
SM
MD
LG