Uko wahagera

Euro 2016: Portugal Yegukanye Igikombe


Portugal gitahukanye igikombe c'Ubulaya

Portugal gitahukanye igikombe c'Ubulaya

Portugal nico gihugu catahukanye igikombe c’ibihugu vyo k’umugabane wa Bulayi mu mupira w’amaguru, inkino zari zimaze ukwezi kwose zibera mu Bufaransa.

Mur’urwo rukino rwabereye ku kibuga ca Stade de France kuwa mungu Partugal yatsinze igitsindo kimwe k’ubusa bw’Ubufaransa (1-0) inyuma yaho bongerewe iyindi minota 30 umwanya wategekanirijwe urukino warangiye. Igitsindo ca Portugal catsinzwe n’umukinyi Eder k’umunota w’109.

Cristiano Ronaldo, umusatirizi akomeye akinira Real de Madrid, ntiyashoboye no kumara igice ca mbere c’urukino kuko yasohotse k’umunota wa 24 inyuma yaho bigaragariye ko ukuguru kumwankiye.

Bubaye ubwa mbere Portugal itwara ico gikombe, inyuma y’aho kibuciriye mu myanya y’intoke mu mwaka w’2004 mu gutsindwa n’Ubugiriki mu rukino rwa nyuma mu gisagara ca Lisbone.

Ubufaransa bwo bwari bumaze kugitwara incuro zibiri, mu mwaka w’1984 n’uwa 2000.

XS
SM
MD
LG