Uko wahagera

Nigeriya:'Inzara Ikomeye mu Buraruko bushira Ubuseruko


Nigeriya kw'ikarata
Nigeriya kw'ikarata

Amashirahamwe ajejwe gutabara yagabishije, uno musi ku wa gatanu, kw’ugufungura nabi kwiyongeye, mu ntara yo mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeriya, yazinzikajwe n’ingwano.

Ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, ryatangaje ko abantu imiliyoni zine n’ibihumbi amajana ane, mu buraruko bw’igihugu, bafise ikibazo gikomeye c’inzara.

Ivyo bivuye ku ngwano ibandanya hagati y’abarwanyi b’umurwi, Boko Haram, n’igisirikare ca Reta, hamwe n’abasirikare bo mu bihugu bibanyi vya Nigeriya.

Abantu baba mu bice amashirahamwe ajejwe gutabara adashobora gushikamwo, baza basinzikajwe n’inzara.

Sory Ouane, umuyobozi w’agateganyo muri Nigeriya, w’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ritanga ibifungurwa, P-A-M, avuga ko hadafashwe ingingo vyihutirwa, ibintu bishobora kuyanzara.

Ouan,e yagiriza ingwano, n’ukuva mu zabo kw’abarimyi, ku kibazo c’ibifungurwa cibonekeza, mu karere ko mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeriya.

Mu kwezi guheze, ishirahamwe rijejwe gutabara, Medecins Sans Frontieres, ryatangaje kw’abantu bagera kuri batandatu bapfa uko umusi utashe, bahitanywe n’indwara, n’ugufungura nabi mw’ikambi y’abataye izabo ya, Bama.

XS
SM
MD
LG