Uko wahagera

Sudani yo mu Bumanuko: Ukurasana Kwadutse ku Murwa Mukuru


Icegera ca perezida, Riek Machar, i buryo, na perezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, i buryo

Icegera ca perezida, Riek Machar, i buryo, na perezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, i buryo

Ukurasana kwadutse ku murwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko, uno musi ku wa gatanu, umusi umwe inyuma yuko habaye ukurasana hagati imirwi yitwaje ibirwanisho kwahitanye abasirikare batanu.

Tito Justin, umumenyeshamakuru wa porogarama, Focus, y’Ijwi rya Amerika, yatangaje ko bisa nuko ukwo kurasana kwavuye mu gice kiri hafi y’ikirimba ca perezida. Ukwo kurasana kwatanguye gatoyi imbere yuko vyari bitegekanijwe ko perezida, Salva Kiir, n’icegera ca perezida, Riek Machar, baha ikiganiro abamenyeshamakuru muri ico kibanza.

Nta makuru yatangajwe buno nyene ku bahasize agatwe canke abakomeretse, canke uwagize uruhara muri ukwo kurasana.

Ku muhingamo w’ejo ku musi wa kane, abasirikare batanu bashigikiye perezida Kiir, barishwe mu gutana mu mitwe n’inteko zishigikiye, Riek Machar.

Impande zose ziragirizanya ku watanguye kurasa.

Vyari bitegekanijwe ko perezida, Salva Kiir, n’icegera ca perezida, Riek Machar, bahura uno musi ku wa gatanu, kugira baganaire uburyo bw’uguhagarika ukurasana kudakenewe, n’ukuganira ivyerekeye gushiraho inteko zijejwe umutekano, zigizwe n’impande zose, mu micungararo y’umurwa mukuru, Juba.

XS
SM
MD
LG