Uko wahagera

Iraki: Bombe Zahitanye Abantu 35


Muri Iraki, mu buraruko bw’igisagara ca Baghdad, abagwanyi ba Reta ya Kisilamu bateye umusigiti w’abo mu bwoko bw’aba Shiite. N’igitero cabaye kur’uyu wa kane, gihitana abantu bashika kuri 35, abatari bake barakomereka. Vyatangajwe n’abajejwe umutekano aho muri Iraki. Ico gitero cakozwe n’abiyahuzi, cumvikanyemwo amasasu n’amabombe menshi.

N’igitero kibaye inyuma y’ikindi cabaye kinini mu mateka ya Iraki. Ico cahitanye abantu amajana n’amajana abandi bagakomereka, munzu nini y’ubudandaji I Baghdad, ku mugwa mukuru wa Iraki

Mur’ico gitero cabereye ku birometero 75, mu buraruko bwa Baghdad, hatanguye kwumvikana amabombe, imbere y’uko abagwanyi batatu ba Reta ya Kisilamu bashika. Ubwo baciye batangura kurasa abari imbere mu nzu.

Babiri mu bagize ico gitero, bahavuye bituritsako amabombe, iruhande y’isoko riri hafi y’uwo musigiti. Abategetsi bo mu gipolisi bamenyesheje ko uwundi yarashwe imbere y’uko yituritsa.

Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Haider al-Abadi, yahagaritse mu mabanga umukuru w’umutekano n’abandi bategetsi bajejwe umutekano. N’inyuma y’igitero cabaye ku’uyu wa mungu ku mugwa mukuru wa Iraki, I Baghdad.

XS
SM
MD
LG