Uko wahagera

Dallas: Nta Sano Igitero Gifitaniye n'Iterabwoba


Igipolisi mu gisagara ca Dallas, muri Reta ya Texas, gitangaza ko igitero cahitanye abapolisi batanu, cari categuwe neza n’abantu batari bake.

Yamara nta sano ico gitero gifitaniye n’iterabwoba ryaba iryo mu gihugu canke mu mahanga. Ivyo vyatangajwe n’ibiro vya perezida, Maison Blanche, uno musi ku wa gatanu.

Ico gitero, abategetsi bo mu gisagara ca Dallas, bavugako ari umutego, cabaye igihe imyiyerekano yiyamiriza iyicwa ry’abirabure ryagizwe n’abapolisi, mu ma Reta ya Minnesota na Louisiana, mu ntango z’iyi ndwi yariko itera irangira.

Umwe mu bikekwa mu gitero co mu gisagara ca Dallas, yishwe wmu nyuma yaho yabwiye abapolisi ko yari ashqavujwe n’iyicwa ry’abarirabure riherutse kuba.

Igisirikare ca Amerika cemeje kw’umwe mu bikekwa, yavuzweko izina ryiwe ari, Micah Xavier Johnson, yahoze ari mu gisirikare, yakoreye muri Afuganistani.

Abandi bantu batatu bataramenyekana bari mu mvuto bifatiye kuri ico kitero.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yavuze ko ico gitero ku bapolisi bariko barangura akazi kabo kigayitse cane.

Mw’ijambo yashikirije ari ku murwa amukuru w’igihugu ca Pologne, Varsovie, mu nama y’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, Obama, yavuze ko abapolisi bafise akazi kagoye cane, kw’igitero c’ejo ku musi wa kane cerekana ibibazo bashobora guhura navyo.

XS
SM
MD
LG