Uko wahagera

USA: Abapolisi 5 Bishwe mu Gisagara ca Dallas


Abapolisi bo mu gisagara ca Dallas bafashe umushoferi inyuma y'aho abapolisi bane bishwe.
Abapolisi bo mu gisagara ca Dallas bafashe umushoferi inyuma y'aho abapolisi bane bishwe.

Abapolisi batanu bishwe abandi batari bake barakomereka barashwe n’abantu bitwaje inkoho mu gisagara ca Dallas, muri reta ya Texas, muri Leta zunze ubumwe z’Amerika.

Abantu babiri bikekwa mur’ubwo bwicanyi bwabaye mw'ijoro ryo kuwa kane baramaze gufatwa aho umwe yavuze ko iherezo ryegereje kandi yemera ko bagamije kugaba ibindi bitero bitari bike mu gisagara Dallas.

Amenyesha kandi ko hari bombe nyinshi muri Dallas zigiye guterwa.

Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Dallas amenyesha ko abo bantu banse gutanga amakuru y’aho ayo ma bombe anyegeje.

Ubwo bwicanyi bubaye mugihe abanyamerika batari bake bo mu bisagara bitandukanye harimwo na Dallas bari mu myiyerekano yiyamiriza iyicwa ry’abirabure babiri b’abanyamerika bishwe n’abapolisi mu ma reta ya Minnesota na Louisiana kuwa gatatu ko kuwa kane.

XS
SM
MD
LG