Uko wahagera

OMS Irakinga Inyonko muri Afirika yo Hagati


Abantu bariko baracandarwa inyonko i Luanda, k'umurwa mukuru wa Angola
Abantu bariko baracandarwa inyonko i Luanda, k'umurwa mukuru wa Angola

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS rimenyesha ko ririko riracandaga abanyagihugu bo mu bihugu vyo muri Afirika yo hagati kugira ribakingire ikiza c’indwara y’inyonko.

Iryo sekeza ryatanguye mur’uku kwezi kwa ndwi ritumbereye gucandaga abanyagihugu bangana ku miliyoni 15 n'ibice 5 bo mu bihugu vya Angola na Repubilika iharanira demokarasi ya Kongo.

Ikiza c’inyonko catanguye kwibonekeza mu mpera z’umwaka uheze k’umurwa mukuru wa Angola, Luanda gica gitandukira mu gihugu cose, imbere yuko gishika no mu gihugu kibanyi ca Repubilika iharanira Demokarasi ya Kongo.

Ibiharuro biheruka gusohorwa na ONU vyerekana ko abantu barenga ibihumbi 3,500 bamaze gufatwa n’ico kiza mur’ako gace kose, abarenga 860 bavugwa muri Angola aho abashika 335 bamaze gupfa.

Muri Kongo abarenga 1,300 nibo bakekwa kuba baranduye iyo ngwara, 75 baramaze kuhasiga ubuzima.

XS
SM
MD
LG