Uko wahagera

ONU: DRC Iragabishwa


Jan Eliasson, icegera c'umunyamabanga mukuru wa ONU.

Jan Eliasson, icegera c'umunyamabanga mukuru wa ONU.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riragabisha ko mugihe ata biganiro vya politike nyakuri vyoba muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo, ico gihugu gishobora kwinjira mu ndyane za politike zishobora no kuvamwo ubwicanyi.

Ivyo vyamenyeshejwe n’icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU, Jan Eliasson kuwa kane mu nama ya ONU ijejwe umutekano kw’isi.

Eliasson yavuze ko hamaze kugaragara ukutumvikana hagati y’abanyepolitike muri Kongo mugihe himirije amatora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka.

Amenyesha ko Perezida Kabila vyitezwe ko arangiza ibiringo vyiwe mu mpera z’uyu mwaka ariko amwagiriza gutevya gutunganya ayandi matora kugira agume k’ubutegetsi

Ariko ivyo vyagiriji ambasaderi wa Kongo muri ONU, Ignace Gata Mavita, arabihakana aho avuga ko reta yiwe yipfuza gutunganya amatora mu mahoro, atawe akumira kandi akurikije amategeko mpuzamakungu.

XS
SM
MD
LG