Uko wahagera

Igitero c'Iterabwoba muri Bangladesh


Mu gihugu ca Blangladesh, umushikiranji wo kumenyesha amakuru yatangaje inyuma y’igitero cabaye kur’uyu wa kane, ko reta idashira ico gitero hagati y’imigwi y’abagwanyi itera ikura mu gihugu, canke iy’iterabwoba.

Ico gitero cabaye iruhande y’inzu Abayisilamu basanzwe basengeramwo, aho bari bakoraniye mu masengesho yo gusozera amafungo, Ico gitero, cabereye ku birometero 140 uva ku mugwa mukuru wa Bangladesh, I Dhaka. Cahitanye abapolisi babiri n’umugore umwe, abashika kuri 9 barakomereka.

Umwe mubakoze ico gitero yahasize ubuzima, abandi batatu barafatwa. Ibitero vya nyuma biheruka, vyabereye munzu isanzwe ariyo nini, y’amasengesho y’aba Isilamu, bikorwa n’abantu bitwaje imipanga n’amabombe. N’igitero kitari kimenyerewe.

Gushik’ubu, ubutegetsi bwa Bangladesh ntiburavuga nimba ivyo bitero ari ibikorwa n’umugwi al-Quaida, canke uwa Reta ya kisilamu. Ahubwo bukavuga ko bishobora kuba ar’ibitero bikorwa n’abatavuga rumwe na Reta ngaho muri Bangladesh.

Umushikiranganji wa mbere, Sheikh Hasina, avuga ko ivyo bitero atasano bifise n’ivy’abayisilamu, ahubwo ko ar’ibikorwa vya Reta. Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, Hasanul Haq Inu, yabwiye Ijwi rya Amerika ko hakiri kare kugira bavuge abakoze ico gitero. Avuga ko atacemeza ko abafashwe ar’abagwanyi ba Reta ya kisilamu, canke abagwanyi bari mu migwi y’iterabwoba aho nyene muri Bangladesh.

XS
SM
MD
LG