Uko wahagera

Inama y'Umuryango w'Afurika mu Rwanda


Mu gihe inama y’abakuru b’ibihugu vy’umuryango w’ubumwe bwa Afrika izotangura ku musi w’Imana ku murwa mukuru w’Urwanda, Kigali, ikibazo gikuru cane mu bizokwihwezwa, kuzoba uguhitamwo umuyobozi w’inama nyobozi y’uwo muryango.

Bitegekanijwe ko umuyobozi ahari muri iki gihe, Nkosazana Dlamini Zuma, wo mu gihugu ca Afrika y’epfo, ashikiriza amabanga yiwe inyuma yuko ayoboye inama nyobozi y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, mu kiringo c’imyaka ine irangiye.

Umuyobozi w’urwo rwego ajejwe gutunganya imigambi yerekeye ubutunzi, politike n’umutekano w’akarere ka Afrika.

Gushika ubu hari abakandida batatu. Babiri muribo muri iki gihe n’abashikiranganji bajejwe imigenderanire. Umwe muribo ava mu gihugu ca Botswana, uwundi mu gihugu ca Guinee Equatoriale.

Umukandida agira gatatu n’uwahoze ari icegera ca perezida w’igihugu ca Uganda, akaba yigeze kuba intumwa idasanzwe y’ishirahamwe O-N-U, ku bijanye n’ikiza ca Sida mu karere ka Afrika.

Inama y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika izotangura kw’italaiki cumi z’ukwezi kw’indwi, irangizwe n’inama y’abakuru b’ibihugu hagati y’italiki cumi n’indwi n’italiki cumi n’umunani z’uku kwezi kw’indwi, i Kigali, ku murwa mukuru w’Urwanda.

XS
SM
MD
LG