Uko wahagera

Igisirikare ca Yemeni kimenyesha ko ikamyo zibiri zitezwemwo bombe zaturitse hafi y’ikambi y’abasirikare iri hafi y’ikibuga c’indege mpuzamakungu kiri mu gisagara ca Aden ku wa gatatu.

Abantu batandatu nibo bahasize ubuzima. Abajejwe umutekano bamenyesha ko baciye batangura kurasana n’abateze izo bombe.

Ico gitero cabaye mugihe abayisilamu bariko bahimbaza umusi mukuru wa Eid-al-Fitr urangiza amafungo ku bayisilamu bari bamazemwo ukwezi.

XS
SM
MD
LG